homepagekirundiMiss EricaWorld News

Uyu niwo Mugwi mushasha uriko urondera Zinendine Zidane

Umumenyereza w’umufaransa Zinedine zidane ariko aronderwa n’umugwi Chelsea wo mu bwongereza.

Ukuronderwa kwa zidane naChelsea ni umwimbu muke umumenyereza mukuru wa Chelsea Morizio Sarri amaze imisi atanga na cane cane ku bitsindo 6 Ku 0 aheruka gutsindwa na Manchester City mu misi iheze mw’ihiganwa ryo mu bwongereza Premier league .

Zinendine zidane w’imyaka 46 amaze imisi ata mugwi afise inyuma yo gutanga imihoho mu mugwi Real Madrid yigeze gufasha gutwara ibikombe bitatu vya UEFA Champions league yikurikiranya .

Naho hamaze gutanguzwa ibiganiro hagati ya basanzwe bahagarariye impande zompi, Chelsea ishobora kubura Zidani bivanye nuko Manchester United ikimwifuza kugira aje gusuburira Ole Gunnar Solskjaer yari yasubiriye Jose Mourinho yirukanye mu kazi mu kwezi kwa Kigarama umwaka wa 2018.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755