Ba ntahonikora barenga ibihumbi icumi na kimwe baravujwe, abantu bashika 28 bapfunzwe hadakwirikijwe amategeko bararekurwa.
Ivyo ni bimwe mu vyaranguwe n’ubushikiranganji bujejwe gufatana mu nda mu kiringo c’amezi atatu aheze.
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe gufatana mu nda Felix Ngendabanyikwa yabihikirije aho ubwo bushikiranganji bwashira ahabona ivyaranguwe muri ayo mezi atatu aheze.
Felix Ngendabanyikwa amenyesha kandi ko mu vyo bagiye kurangura harimwo kubandanya basaba ababifitiye ububasha kubaronsa amatongo yo gushiramwo imiryango yateshejwe izabo bidakunda ko bazisubiramwo.