BurundiEnvironnementhomepagekirundi

Ihadabu iri hagati y’imiriyoni 50 n’100 niyo bagiye kuza barahanishwa

Ihadabu iri hagati y’imiriyoni 50 n’ijana y’amafaranga y’amarundi nico gihano gihabwa uwuhinguye mu bumwanya imifuko n’amacupa. Uwuranguye hanze amacupa n’ubucupa bikozwe mu bumwanya nawe ahanishwa ihadabu iri hagati y’imiriyoni 25 na 50. Na yo umuntu akoresheje imifuko canke ubumwanya bibujijwe canke agata ahariho hose igikoresho gikozwe mu bumwanya ahanishwa ihadabu iri hagati y’ibihumbi 2 n’ibihumbi 5.

Biri mw’itegeko nshikiranganji ryo kuwa 12 Gitugutu 2020 rishira mu ngiro itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 8 Myandagaro 2018 ribuza ihingurwa, idandazwa n’ikoreshwa ry’utumwanya tutabora. Muri iryo tegeko kandi bamenyesha ko uwudandaza ibikoresho vyahinguwe mu bumwanya ahanishwa ihadabu iri hagati y’imiriyoni 12 na 25.

Umushikiranganji ajejwe ibidukikije yabishikirije kuri uyu wa kabiri mu gihe yariko arugura ihayanishwa gurisha ry’ibitekezo bibora. Déo Guide Rurema yasiguye ko iryo tegeko rikingira rikongera rigashigikira abanyamitahe bashaka gukora ibitekezo bibora bisubirira ubumwanya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764