BasketballBurundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

#basketball| Dynamo na les Gazelles nibo batahukanye ihiganwa

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya mbere niho hakinywe inkino za nyuma mu nkino z’igikombe citiriwe incungu , ico gikombe kikiba categuwe n’ishirahamwe Fondation Pax Burundi ku ncuro ya kane bafadikanije n’ishirahamwe rya basket mu Burundi .

Urukino rwa mbere rukaba rwahuza abigeme bakina muri Les Gazelles, bakaba bahuje ubwayi na Gladiators ariyo yahoze yitwa Berco stars.

Mu rurwo rukino umurwi les Gazelles ukaba watsinze Gladiators ku manota 44 kuri 61.

Haciye hakuririkira urukino rwari rurindiriwe n’isinzi ry’ abantu rwahuje Muzinga na Dynamo rukaba rwarangiye Dynamo itsinze 72 kuri 62 bica bituma uwo murwi ukwiza ibikombe bitatu kuri bine bimaze gukinwa muri iryo higanwa. Amani Bumbire wa Dynamo akaba yinjije amanota 21 mu rukino mu gihe mu bigeme Erica wa les gazelles ariwe yatsinzne menshi akaba yigenjeje bien .

Fabrice Niragira avugira Fondation pax Burundi yamenyesheje ko mu migambi yabo bashigikira urwaruka biciye mu nkino aho twovuga nko muri Football, Basket na Athlétisme .

Sabushimike Sefu arongoye fédération ya basket nawe ati :”Amahiganwa akwiye kwongerezwa kuko atuma abana bataje mu biyayura mutwe mbere n’abakuze bataja mu nzira atari zo, akamenyesha ko inkino zifasha guhuza abakinyi mbere zibafitiye akamaro kanini ”

 

Apotre Jean Paul Manirakiza arongoye Holy center yamenyesheje ko bobo ubwabo bafashije mu kumenyekanisha iryo higanwa mbere bagashima ukuntu final yahuje Dynamo na Muzinga yitabwe na benshi .

Mwomenya ko abakinyi Amani Rushoza batazira Bumbire wa Dynamo na Erica Munezero wa Les gazelles aribo batsinze menshi kurusha abandi muri izo nkino za nyuma .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686