BurundiCooperationDiplomacyhomepagekirundi

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aritezwe muri Guinée Equatoriale

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye hamwe n’umutambukanyi wiwe Angélique Ndayubaha baritezwe i Malabo mu gihugu ca Guinée Equatoriale kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 2 Munyonyo 2020.

Amakuru atangwa n’ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu amenyeshako urwo rugendo ruzomara imisi itanu, ntumbero yarwo akaba ari ugushimangira imigenderanire yari isanzwe ari myiza hagati y’Uburundi na Guinée Équatoriale.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768