Burundihomepagekirundi

Bazindutse bugarije ibiro vy’ishirahamwe Regideso

credit picture : Radio Isanganiro

Abakozi b’ishirahamwe Regideso bahembwa  ku munsi bivanye n’ico bakoze bazindutse bagandagaza imbere y’ibiro vyaryo biri hafi y’ihinguriro  ry’ibinyobwa BRARUDI, basaba kwongerezwa umushahara. Bashaka ko bava ku mafranga ibihumbi bitatu  baje ku bihumbi bitandatu ku munsi.

Ku makuru dukesha Radiyo Isanganiro, ngo abo bakozi bavuga ko ayo mafaranga ari make baravye  ubuzi bakora bwo gutanga umuyagankuba no kwimba aho bacisha imiringoti y’amazi.  Bamenyesha ko ico kibazo bagishikirije ababatwara ariko inyishu ikaba itaraboneka.

Abajijwe na Radio Isanganiro, umuyobozi ajejwe abakozi muri Regideso ngo yavuze ko azotanga umuco hanyuma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764