BasketballBurundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

#basketball| Kern ku kibanza ca mbere ngo ntirekura

Mu gihe ihiganwa risigaje inkino zibiri ngo igice ca mbere c’ihiganwa kirangire ,imirwi 8 kuri 9 yaratanye mu mitwe mu mpera zino ndwi .

Kern akaba ariyo itarigera itsindwa na rimwe.

Iryo higanwa rya basket mu gisagara ca Bujumbura ryarabandanije ku musi waryo wa gatandatu n’uwa mungu ku kibuga Toyota .

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 7 Munyonyo 2020 Aigle noir yakubiswe ubutinyagaza na les hyppos 32 kuri 120 mu gihe Mutanga United yakubiswe na Dynamo ku manota 43 kuri 88 .

Izo nkino zarabandanije no ku musi w’Imana aho Urunani rwatangajwe rwongera rutsindwa na Muzinga ikinanwo Bujeje Romus ku manota 48 ya Urunani kuri 57 ya Muzinga .

Mu rundi rukino New Stars yababajwe na Kern ikinamwo Billy ,Cliff ,Busiku ,Ornel na Kabasi ku manota 62 kuri 70.

Gushika ubu Kern iracazigamye ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza kuko itaratsindwa na rimwe mu gihe iyindi mirwi twita ko ikomeye imaze gutsindwa nka kabiri .

Arsène Mfuranzima amenyereza Kern avuga ko mu gice ca mbere New stars yasatiriye cane hama mu gihe nabone baciye biga uko bozibira.

Nshimirimana Christian batazira ndindi amenyereza umurwi wa New stars avuga ko abakinyi biwe batiteguye neza kuko bamwe bamwe bakoze amakosa adakenewe .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686