East Africa Newshomepagekirundipoliticssecurity

Tundu Lissu atavuga rumwe n’ubutegetsi muri Tanzania yahunze igihugu

Tundu Lissu yahora ahanganye na John Pombe Magufuli mu matora y’umukuru w’igihugu muri Tanzania yarahunze igihugu muri ino ndwi buca turangiza. Intandaro ngo n’abantu 2 bamuhamagaye bamubwira ko hari umugambi wo kumugandagura uhari.

Nkuko yabiyagiye imboneshakure BBC ngo ntiyigeze agira ico abwira abajejwe umutekano muri ico gihugu ku bijanye n’abo bantu bamuteye ubwabo. Kubwiwe ngo ico kwihutira gukora kwari ukurondera uko akiza amagara yiwe, akaba yabikoze afatiye kuvyari vyamushikiye mu gihe caheze.

Nkuko yabandanije abiyagira ico kinyamakuru ngo ikindi catumye adashima kurondera kubibwira abajejwe umutekano ngo nuko yabona ko ataco bomufasha, kuko ngo ukwo kumutera ubwoba kwabaye bamukuriyeho uwari ajejwe kumucungerera umutekano bagumanye no mu bihe vy’imyiyamamazo.

Naho biruko ku ruhande rw’umuvugizi w’igipolisi ca Tanzania, ngo ivyo bivugwa n’abo batavuga rumwe na Leta ya Tanzania ngo n’inkinamico. Bakabivuga bisunze yuko ataco baramenyeshwa ku bijanye n’ubwo bugizi bwa nabi, bakongerako ko igituma ari inkinamico aruko bahunga hari abarindiriye kubakira.

Aha mwomenya ko atari uwo wenyene ahunze igihugu, kuko hari uwundi ari mu mugambwe CHADEMA utavuga rumwe n’ubutegetsi nawe aheruka guhungira muri Kenya n’umuryango wiwe.

Tundu Lissu akaba yaratsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu, eka n’umugambwe wiwe ukaba utaronse ibibanza bihagije mu butegetsi bushasha butwara ico gihugu ca Tanzania. Ikindi mwomenya nuko Tundu yari yagarutse muri Tanzania kugira yitoze, aho n’inyuma y’igihe kitari gito yaramaze ku mugabane wa burayi agwariye kubera igisida camushitseko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755