africa newshomepagekirundipolitics

Jerry John Rawlings yatwaye Ghana yitavye Imana

Jerry John Rawlings uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Ghana yitavye Imana kuri uyu wa kane nkuko amakuru yiriwe arakwirakwizwa hirya no hino yabishikirije. Akaba azize ingwara y’igihe gito itarabasha kumenyekana, apfuye ageze ku myaka 73.

Uwo mugabo nkuko amakuru dukesha BBC abishikiriza, ngo yitavye Imana inyuma yaho mu kwezi guheze yari yagiye mu karere ka Volta aho yarajanywe n’ugushingura umuvyeyi wiwe yaheruka kubura. ico ngo kikaba ari naco gihe ca nyuma yaheruka kuboneka ku mugaragaro.

H.E Nana Akufo-Addo umukuru w’igihugu ca Ghana akaba yasohoye itangazo ahoza umuryango wabuze, anashiraho imisi 7 y’ikigandaro kuva kuri uyu wa gatanu. Amabendera akazoba yamanutse ari hagati.

Mwomenya ko John atavugwako rumwe na bose, kuko bamwe babona ko yabaye umutegetsi mubi, yatwaje igikenye, agasesa amaraso ya benshi. Abandi nabo bakaba babona ko ico abona ko ari ukuri kwohindura Politique ya Ghana ngo atareka kucemanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755