BurundiHealthhomepagekirundi

Abagwaye coronavirus inyuma yo kwugurura ikibuga c’indenge

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 18 Munyonyo 2020, umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida Ndikumana Thaddée yamenyesheje uko ibitigiri vy’abanduye Covid-19 vyifashe inyuma y‘aho hugururiwe ikibuga c’indege Melchior Ndadaye.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, umushikiranganji Ndikumana Thaddée yamenyesheje ko gushika ubu, abantu 55 aribo bashasha batowe ikiza c’umugera wa covid-19, muri abo 16 batowe kuva ikibuga c’indege cugururwa.

Yaboneyeho kumenyesha ko hagiye gushirwa abaganga ku ma hoteri yose yakira abantu bashizwe ukwabo bavuye hanze mu ntumbero yo kworosha igikorwa co guhanahana amakuru ku bijanye n’ico kiza ca coronavirus.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764