BurundiDevelopmenthomepagekirundiyouth

Bahamagarirwa gushinga ikirenge muc’abamaze kubishobora

Nubwo hari urwaruka rwatahuye  akamaro ko kwikorera imigambi yarwo yo kwiteza imbere, ngo haracariho abandi baheza amashure bakaguma bahanze amaso Reta kandi itagishoboye kubaronsa ubuzi bose.

Ivyo ni ibishikirizwa n’umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Gitega ajejwe ivy’ubutunzi aboneraho gukeburira bene urwo rwaruka kwigira ku bandi bamaze kwishingira imigambi yabo kandi bagatera imbere.

Aboneraho guhamagarira urwo rwaruka gukora maze narwo rubone kuzana ivyo rurangura mw’ihayanishwa gurisha, ririko ribera i Gitega, ryatunganijwe n’urwaruka rumaze kwigirira imigambi y’iterambere mu ntumbero yo kugwiza umwimbu no gutsimbataza umubano mwiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769