Burundihomepagekirundi

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha.

Ivyo Jean Bosco Girukwishaka yabishikirije mw’itangazo yasohoye kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 26 Munyonyo 2020, inyuma y’aho hibonekereje ama «pages » hamwe n’ama «comptes facebook » akoreshwa n’abantu bayitirira izina ry’umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida Thaddée Ndikumana.

Mwomenya ko ukwiyitirira amazina y’abategetsi batandukanye ku mbuga za Facebook vyabaye nk’umugenzo muri ino misi umuntu akibaza intumbero ben’abo bantu baba bashaka gushikako.

Aha twovuga nk’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, umukuru w’igisagara ca Bujumbura n’abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764