Burundiculturehomepagekirundi

Umugwi ndangakaranga AMAGABA ugiye guserukira igisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru wa Poritike

Inyuma yaho umugwi ndangakaranga Amagaba babaye aba mbere mu migwi cumi ivuza umurisho w’ingoma i Bujumbura ngo bagiye guserukira igisagara ca Bujumbura muntara ya Gitega.

Aho kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo 2030 azoba ari umusi mukuru wahariwe INGOMA mu Burundi, aho hazoba hanatunganijwe ihiganwa ku rwego rw’igihugu umurwi Ndangakaranga AMAGABA bazoba baserukiye igisagara ca Bujumbura nk’umugwi wabaye uwa mbere.

Aho mwomenya ko uwo mugwi uriko urigaragaza cane inyuma yaho tutakibona imigwi yavutse imbere yawo yanamenyekanye cane mugihugu hafi ya cose aho twovuga nk’Umugwi INTATANA, GIRAMAHORO n’iyindi mwoba mwaramenye.

Uwo mugwi AMAGABA ukaba ari umwe wibonekeza cane mubiteramo hafi nka vyose bigenda bibera ku butaka bw’Uburundi ndetse ubona y’uko abantu babanezererwa na cane cane ko abagize uyo mugwi ari abasore n’inkumi bakiri bato.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765