Ibanki y’Urwaruka BIJE (Banque d’Investissement pour les Jeunes) ngo igiye gutangura gutanga ingurane ku rwaruka.
Ni ivyaraye bishikirijwe n’umushikirangaji ajejwe urwaruka, imico n’akaranga i Gitega kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 30 Munyonyo 2020 igihe hariko harasozerwa indwi yahariwe umurisho w’ingoma z’Uburundi.
Umushikiranganji Ezéchiel Nibigira yaboneyeho guhamagarira urwaruka kuja hamwe rugatunganya imigambi. Nayo abajejwe intwaro, Ezechiel Nibigira abasaba gufasha kugira ivyo rukeneye rubironke vyoroshe. Yamenyesheje kandi ko uburyo Reta yemeye gufashisha urwaruka buriho.