BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kigingi yagarutse ku mashusho y’urukozasoni amuvugwako

Amasanamu y’urukozansoni yaragize imisi aboneka ku rubuga rwa Facebook rwa Kigingi ngo siwe yayashizeko, Ahubwo ngo n’umuntu yamwinjiriye muri urwo rubuga “Piratage”, gutyo ituma ashobora kwishirirako ivyo ashatse.

Mu kiganiro na Siren Vibe, yamenyesheje ko imvo n’imvano ngo n’abantu bo hanze y’igihugu bamurungikiye ama Link,noneho afyonzeko bigaca vyinjiramwo uko. Ariko ngo ariko aragerageza kurondera uwomufasha kugira abihanagure gose, kuko we aho ageza yaragerageje, ariko ngo nta caribwavemwo.

Uwo mukinyi w’ivyese bitwenza, yagiriyeko ahanura abantu bamenyekanye cane ko bakwiye kuba maso kuko ivyo bitazohagarara, kuko bari abakomeye, ahubwo ngo baze bacunga uduhamagazo twabo basanzwe bakoresha kugira bikunde abo bagizi ba nabi ntibaronke aho bamenera.

Aha mwomenya ko Kigingi avuga ko ivy’ugushaka kumutwara urwo rubuga bitari bshasha, kuko bari bamaze kuyitwara yose, ariko mu nyuma Imana irakinga birakunda iragaruka. Ikindi  yamenyesheje  nuko na Facebook itaborohereza ngo bemeze urwo rubuga ko ari rwiwe, nukuvuga gushirako ikimenyetso ca Blue , kugira ntihagire uzoza amuvogera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775