BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Emery Sun ngo amasanamu y’indirimbo nshasha ni Vuba

Mu misi ya vuba umuririmvyi Emery Sun ngo hari ibikorwa biriko biraza, ivyo n’ivyo yavuye mu kiganiro yagiranye na Alan kuri Indundi Tv.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yamenyesheje ko indirimbo yiteguye gushira ahabona azoyishirira ahabona rimwe yaba amajwi canke amasanamu. Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yavuze ko ata cizere afitiye abamenyeshamakuru bamwe bamwe, kuko azi neza ko bazoyivuza umwanya muto, noneho bace bayireka.

Uwo muririmvyi yamenyesheje muri ico kiganiro ko bisigaye bimugora gukora ibiteramo vya Playback, igituma ngo nuko amaze imyaka itari mike ariko akora ibiteramo vya Live.

Aha mwomenya ko indirimbo yiwe ya nyuma yaheruka gushira ahabona ari Kapa, iyo nayo ikaba yasohotse mu mwaka wa 2020 mu kwezi kwa 5, hari igenekerezo rya 29. Iyo ndirimbo ikaba imaze kurabwa n’abarenga 16,788 kuri Urwo rubuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775