BurundiÉnergiefeatured sportgroups-at-messagekirundikirundi_SportsSportsport_promoted

#Cyclisme |Batatu ba mbere nibo bazoshimirwa

Harategekanijwe ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ku mikangara n’imiyabaga iri hagati y’imyaka cumi n’itanu gushika kuri cumi n’indwi ,ivyo birori bikazobera i Ngozi muri komine Mwumba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 12 kigarama umwaka w’ibuhumbi bibiri n’a mirongo ibiri.

Intumbero nukurondera abana bafise Ingabirano muri urwo rukino rwo gusiganwa n’amakinga nkuko vyashikirijwe na Désiré Hussein Nsengiyumva asanzwe ari umunyamabanga mukuru muri iryo shirahamwe akaba yongeye aramenyesha KO abana bazohiganwa bazokinisha amakinga ya matabaro.

Akarusho ku bana bazohiganwa nuko batatu ba mbere mu bahungu no mu bakobwa bazoca bajanwa mu rwegura mu kigo c’ubuhinga kwigishwa ukuntu bakinisha ikinga rikoreshwa mu mahiganwa yemewe na UCI ishirahamwe ryo gusiganwa n’amakinga ku rwego rw ’isi.

Abasifuzi, abamenyereza , abahagarikizi ,abafundi (mécanique) bazoca bahabwa impapuro zerekana ko bahawe ivyirwa nkuko Nsengiyumva yavyiganiye ikinyamakuru Indundi sport .

Mwomenya ko haciye indwi hazoca hakurikira amatora muri iryo shirahamwe ryo gusiganwa ku makinga mu Burundi risanzwe rirongowe na Iryumugabo Arnaud Patrick akazohiganwa n’icegera ciwe Félix Ndikumana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 685