BurundiÉnergiekirundikirundi_SportsWorld News

Diego Maradona ku noti nkuru ya banki y’igihugu ca Argentina

Mu gihe haheze iminsi mike imwe mu ntwari z’umupira w’amaguru Diego Armando Maradona yitavye Imana ku myaka 60 ihitanywe n’ihagarara ry’umutima ryabaye igenekerezo rya 25 munyonyo 2020, iyo ntwari yoba igiye gushirwa ku noti nkuru ya banki ya Argentine.

Norma Durango , umukenguzamateka w’intara ya La Pampa yarashikirije Inama ya bose umugambi w’itegeko ryo gushira ishusho ya nyakwigendera Diego Maradona ku noti nkuru ariyo 1000 pesos ,yababa mu madorari 13 , aho ku ruhande rumwe rwiyo noti hazoboneka ishusho y’ifoto ya Maradona , urundi ruhande rubonekeko ishusho y’igitsindo ca kabiri yatsindiye mu gihugu ca Mexique,atsinze igihugu c’ubwongereza itariki 22 Ruheshi 1986.

Ico ciyumviro akaba yagishimikiyeko mu ntumbero yo kwerekana urukundo bafitiye iyo ntwari babuze batanka , kanatsinda no gufasha kuduza ubutunzi bw’igihugu kuko yibaza ko ingenzi zizogendera igihugu ca Argentina zizoshaka kugenda zijanye “Maradona.”

Ivyo bikaba vyatangaje benshi aho bamwe bashimye ico ciyumviro abandi banyagihugu b’ico gihugu bakaba bakineguye kuko kuri bo Diego Maradona adashobora kuja ku noti ishobora gukora mu bikorwa vya magendo.

Durango akaba yamenyesheje ko ingingo yanyuma izofatwa n’urwego rushinzwe ivya mategeko rukazokwiga iyo nteguro mu ntango z’umwaka buca dutangura.

Ifoto yanje yaranteje imbere| Abagwizatunga n’abaririmvyi badushigikire tunabashe gukorana nabo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 675