BurundiDiasporadiaspora promotedÉnergieEntertainmentkirundi

Amafaranga 30,000 MT Number One yatanze aratsa umuriro mu bafana biwe

Amafaranga ibihumbi 30 vyemerewe abafana bakurikirana cane urubuga rwa Facebook rwa Mt Number one arashobora kuzomuteranya na bamwe mu bafarana biwe.

Ivyo n’ibiboneka muma Commentaire ariko akorwa ku mashusho yashizwe ahabona n’uwo muririmvyi nyene kuri urwo rubuga aho yerekana arikumwe n’abafana yashimiye.

Bamwe mu babashije kugira ico bashikiriza, barimwo n’ababonekako akamenyetso ka “Super Fan” bavuga ko batabashije gushikirwa ngo bahabwe ako gashimwe, abandi nabo bakaba bavuga ko uwo muririmvyi yoba yabarenganije cane yacaguye incuti ziwe akaba arizo aha ako gashimwe.

“Bro wisunze iki ko harabo tugukurikiranye igihe kinini kandi turi n’aba Superfan bawe. Rero reba uregere kuri twese, nturabe abo mwakuranye mw’i site gusa bro.” Ivyashikirijwe n’umwe mu bafana bafise akamenyetso ka super fan.

Hampande y’abavuga ko barenganijwe, hari n’abatari bari hafi, aho nabo babaza uko bizoheza bikagenda kuribo.

Naho biruko, hari abandi bo babona ko ico gikorwa yakoze ari ngirakamaro, kandi ari ciza cane. Hakaba hari n’abahashitse bateba batabashije kuronka ako gashimwe, ariko bamushimiye ko ari igikorwa ciza cane, Na rirya ata wundi yari bwabikore mu basanzwe bafise imbuga ngurukanabumenyi zikurikiranwa cane.

“Nacerewe ariko ikosa ni ryanje abahashitse à l’heure bampaye amakuru kw’ibintu vyagenze neza naho hari bamwe vyagoranye kuhashika. Nk’umufana wukuri niboneye agaciro uha abafana batobato utanabazi, si uko ufise menshi ufise umutima wisangije… God Protecct u this love”

Mwomenya ko yari yamenyesheje mu gatondo ko kuri uyu wa kane ikibanza yatangiyemwo ayo mafaranga, aho naho hakaba hari mu kamenge kuri Studio indonyi. Ivy’ayo mafaranga akaba yari yavyemeye kuva agishika mu gisagara ca Bujumbura, aho yari mw’I hotel NIWAKALI arindiriye ko imisi 3 bari bamuhaye ibanza kurangira kugira abashe kwidegemvya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 594