groups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundiWorld News

Youtube, Google, Gmail  n’izindi mbuga za Google zari zapfuye

Imbuga hafi nka zose za Google ngo ntizariko zirakora ku basanzwe bazikoresha kandi kw’isi hose. Izo mbuga nazo ni nka Youtube, Gmail n’izindi zitari nke zisanzwe zikoreshwa n’abatari bake kw’isi.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Mirror co mu bwongereza, ngo izo mbuga zabuze ku murongo guhera isaha zitanu n’imonota 56 ku masaha mpuzamakungu. Abantu batari bake cane cane ku mbuga ngurukanabumenyi nka Twitter bagume batabaza ko batariko barabasha gukoresha izo mbuga.

Ico kinyamakuru kimenyesha ko amakuru gikesha Downdetector ngo abantu babashije kumenyesha ko urubuga rwa Youtube rwagize ikibazo, 54% bamenyesheje ko batabasha kuja kuri urwo rubuga, 42% badashobora kuraba Video kuri urwo rubuga, nayo 3% ngo ntibashobora kwugurua ama Compte yabo kuri izo mbuga.

Gushika ubu Google ikaba ataco irabasha kuvuga kuri ico kibazo, ariko bikaba bizwi ko ari urubuga rusanzwe ruterwa cane n’abagizi ba nabi basanzwe bava impande zose z’isi zirimwo uburusiya co kimwe n’ubushinwa.

Mwomenya ko uno musi Imbuga zose zikukira Google ziza mu kibanza ca 1 mu mbuga zikurikiranwa cane kw’isi. Izo mbuga zikaba ziri mu zagirizwa ukwegeranya amakuru atandukanye kandi menshi kw’isi, ariko kandi ayo makuru akaba afasha abatari bake kubaho, kuko abafasha kugira bagurishe ibibanza vy’ukumenyeshanisha ibidandazwa mu ma Video ashirwa nko kuri Youtube, benezo nabo bagaca batungwa nazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756