AwardsBurundicultureculture_featureculture_promoteÉnergiegroups-member-promotedgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

Isango rya Miss Ngoma 2020 ryageze ,ninde azotahukana iyo kamba?

Mu gihe imyiteguro ibandanya ku bigeme 11 basigaye mu bigeme 30 bari mw’ihiganwa rya Miss Ngoma 2020, ubushimwe buguma bwiyongera ku mwigeme azotahukana iyo kamba.

Nyuma y’ubushimwe bugizwe n’umuduga mushasha hamwe n’inka izogabirwa umwigeme w’umunyakaranga azoba yarushije abandi, ishirahamwe Ingoma Events rijejwe gutunganya iryo higanwa riramenyesha ko uwo mwigeme azohabwa akazi nk’uwujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ryo kwunguruza abantu rya Volcano hamwe n’amaritiro 40 ku kwezi y’igitoro mu kiringo ca mandat yiwe .

Miss Ngoma 202O akaba azotorwa mw’ijoro ryo kur uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Kigarama 2020 , mu birori bizoba vyatewe iteka na nyenicubahiro umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Mme Angeline Ndayishimiye , bizobera kw’ihoteri ya Cercle d’alliance y’i Gitega.

Amatora ya Miss Ngoma ariwe Miss Gitega akaba azokurikirwa n’aya Miss Muyinga azoba igenekerezo rya 31 Kigarama 2020 . Nayo nyene akaba azokurikirwa n’amatora ya Miss Burundi ariwe mwigeme azoserukira Uburundi mu Burundi no mu mahiganwa mpuzamakungu nyuma y’imyaka yababa itatu uwo mwigeme adatorwa .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767