BurundiDevelopmentÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

Ikigo OBR kigiye kuronswa icicaro gikuru caco.

Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 17 Kigarama 2020, nyenicubahiro umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yuguruye icese ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa y’icicaro gikuru c’ikigo gitororokanya amakori n’amatagisi OBR.

Umukuru w’igihugu akaba yatanguje icese ivyo bikorwa mu gushira ibuye rya mbere ku mushinge uzoba ugize iyo nyubakwa.

Iyo nyubakwa ikazoba igizwe n’amagorofa cumi n’abiri azokwubakwa mu kiringo c’imyaka ine.

Mwomenya ko iyo nyubakwa izoba ihagaze mu buryo bw’amafaranga yababa imiriyaridi mirongo itandatu n’umunani y’amafaranga y’amarundi yatanzwe na reta y’Uburundi ubwayo.

Ikigo OBR kikazoba kironkejwe iyo nyubakwa izoba igize icicaro gikuru caco nyuma yaho cahora kirangurira ibikorwa vyaco mu biro bitandukanye biri mu gihugu .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769