AnimalsBurundiEconomyÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundiVideo

#Salon industriel 2020| Ijambo rikomeye umukuru w’igihugu yabwiye abanyagihugu n’abagwizatunga

Mw’ijambo ryiwe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko ata gihugu na kimwe gishobora guterimbere abanyagihugu batarima ngo bahingure bongere bashore.  

Abanje gukenguruka, umukuru w’igihugu yabwiye abarwizatunga ko aribo igihugu gihanze amaso mw’iterambere.

Umukuru w’igihugu akaba yaboneyoho kumenyesha abaraho ko Reta arongoye yitayeho cane ko buri murundi wese abaho mu mahoro n’umwidegemvyo, kugira baje ku kivi bafatanye mu nda, ndetse akaba yamenyesheje ko bitayeho urwaruka mu kurwanya ubushomeri, mu kubongereza ubumenyi no kubashira hamwe mu ma koperative bakabaha n’imitahe.

Ivyo n’ibindi vyinshi umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yabishikirije imbere y’abarwizatunga, abanyamitahe ndetse n’abitayeho ivyo bisata vyompi, hakaba hari igihe yaja kwugurura icese ibirori bihuza amahinguriro n’abaguzi “Salon Industriel 2020 3ème Edition” ku ncuro yayo ya 3 itangujwe n’ishirahamwe ry’amahinguriro AIB (Association des Industriels du Burundi) kuri uwu wa 17 Kigarama kuri Hotel Club du Lac Tanganyika.

Mushobora gukurikirana ijambo rya nyenicubahiro mwisanzuye aho musi :

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768