BurundiÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundiPolitique

Barahiye imbere y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye

Abagize sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro uko ari indwi barahiye kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 21 Kigarama 2020, imbere y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, icegera ciwe Prosper Bazombanza, umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni hamwe n’abaserukira abandi mu nzego zitandukanye z’igihugu.

Barahira biyemeza kurangura amabanga bahawe bisunze ibwirizwa nshingiro, amasezerano y’ubumwe bw’abarundi no kutagira aho bahengamiye.

Ivyo birori vyabereye mu ngoro y’amakoraniro iri mu Kigobe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765