BurundiÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminHealthhomepagekirundi

Ingaruka mbi zishobora guterwa n’indwara z’igisukari hamwe n’ivuduka ry’umurindi w’amaraso

Ubashikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bufadikanyije n’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi bari mwisekeza ryo guhamagarira abantu kwipimisha ingwara z’igisukari hamwe na Hypertension Artérielle.

Iryo sekeza ririko ribera mu gisagara c’intara ya Ngozi rikaba ryatanguye itariki 22 rikaba ryasozerewe kuri uno wa 23 kigarama 2020.

Iryo sekeza rikaba riri mu mugambi wo gukaburira abenegihugu kumenya ingaruka z’ingwara zitandukira, maladies non transmissibles mu kinyamazuru.

Kubw’iahirahamwe ryitaho amagara y’a kw’isi OMS, izo ngwara ngo zifise ikibazo ku magara y’abantu gikomeye cane kuko zigize ibice 63% vy’abantu bapfa bahitanywe nazo ku mwaka.

Kandi ubu bikaba vyunyutse kuko abarwaye izo ngwara aribo basinzikazwa cane n’ikiza ca Covid-19 ,benshi muribo ngo bakana bahasiga ubuzima.

Inyifato zinza yo gukingira izo ngwara ikaba ariyo gufungura neza no kwinonora imitsi.

Iryo sekeza rero rikaba ryakurikiye iryari ryabereye mu ntara ya Gitega ,rikaba rizosozererwa mu ntara za Rumonge na Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765