BurundiEntertainmenthomepagekirundiUbworoziUncategorized

Olenga yoba asigaye akorera mushiki wa Diamond?

Uwusavye abantu basiga abagore n’abigeme mu gisagara ca Bujumbura, Make Up Artist (MUA), izina Olenga riza mu mazina ya mbere. Kuko uwo musore asanzwe akorera mu zone ya Buyenzi bivugwa ko asiga neza cane, bikunyurwa nuko asiga abakobwa kandi ari umusore.

Ku bakurikirana uwo munyabwenge ku rubuga rwiwe rwa Instagram ntibaretse uno musi kubona ko yashizeko ishusho arikumwe n’umuvyeyi Esma asanzwe ari mushiki w’igihangange Diamond Platnumz.

Kuri iryo shusho naho hatabashije kuboneka ko ariwe yoba yamusize mu gihe yaragiye ku rubanza,ubona ko uwo muryango wamana ibikorwa bitandukanye bategerezwa kwitabira, ariko birashoboka ko yoba yajanywe n’ico gikorwa nyene.

Iyo ikaba ari intambwe ikomeye aho yoba atumirwa avuye hano iwacu kugira aje gusiga abantu muri ico gihugu, cane cane uwo muvyeyi kuko bishobora guca bimwugururira inzira kugira noneho abashe kwubaka izina no muri ico gihugu naho.

Twibukanye ko Uburundi bumaze kuramura abandi bantu basanzwe bakora mu bindi bisata bakaja gukorera muri ico gihugu, aho twovuga nk’umuhinyanyuzi LIZER asanzwe akorera muri Wasafi, nawe yigeze gukorera hano iwacu, ari naho yakoreye indirimbo zatumye ahamagarwa muri iyo Label ikomeye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 800