BurundihomepageJusticekirundiTech

Ishirahamwe Ntabariza SPF rirakenguruka ingingo y’umukuru w’igihugu

Mu kiganiro yatanze kubanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 Nzero 2021, umukuru w’ishirahamwe “Ntabariza-SPF ryitaho agateka k’abanyororo n’imiryango yabo, yagarutse kw’ijambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aheruka gushikiriza Abarundi n’amakungu mu gihe yariko abipfuriza umwaka mushasha mwiza w’2021 aho yamenyesha ko agiriye ikigongwe bamwe mu bapfungwa baciriwe imanza abandi akabatezurira umunyororo.

Muri iryo Jambo, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko mu ntumbero yo gukomeza ubutungane kuva hasi gushika hejuru hamwe no kurwanya akarenganyo, Reta y’Uburundi yateguye amabwirizwa abiri ariyo gushinga intahe yo ku mugina hamwe no gushinga inama nkuru y’Ubutungane kugira ngo igenzure ko ata manza za ngondagonde zicibwa.

Yarongeye arashimangira ku gateka k’abanyororo mu gushikiriza ko ubutungane butegerezwa kwubahirizwa uwagirwa n’icaha kugira ngo nawe aronke umutima wo kwisubirako ko arico gituma naho Reta ihana iguma ari umuvyeyi.

Jean Marie Nshimirimana aramutswa iryo shirahamwe yaboneyeho kandi gushimira umushikiranganji w’ubutungane adahengeshanya nawe nyene kurwanira agateka k’abanyororo na cane cane mu gushiraho umurwi w’amaho ujejwe gukurikirana amadosiye y’abanyororo bagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu mu mwaka uheze, uwo murwi ukaba uriko urakora ibishoboka vyose kugira ngo iyo ngingo y’umukuru w’igihugu ije mu ngiro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765