Burundihomepagekirundi

Natacha azanye amakuru atari amenyerewe mu baririmvyi ba +257

Ni ku ncuro ya mbere aho umuririmvyi w ’umurundi atanga akaganuke k’Imodoka ku muvyeyi amuvyara, ivyo bikaba vyaraye bikozwe na Natacha kw’igenekerezo rya 05 Nzero 2021.
Natacha akaba atanze ingabire y’ Imodoka ku musi w’isabukuri yiwe akaryo keza ko gushimira nyina wiwe yamwibarutse.

Uwo murimvyikazi azwi kw’izina rya La BOSS abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi Facebook akaba yagize ati:” Iki gikorwa nakoze uno musi cari mu vyiyumviro vyanje kuva kera,mu mutima wanje navyifuza ariko intambamyi zikaba nyinshi, narakuririkiranye intahe y ‘umu comedien wo muri Tanzaniya yitwa Mc Pili Pili yashatse ku mugirira Surprise Maman wiwe ariko agira abikore yitaba umuremyi, iyo ntahe yarantumye ndira cane nanje ndavuga yuko kuri anniversaire yanje ntegerezwa ku muha Maman wanje akaganuke ku muduga rero Ndashima Imana ko yampaye ku bushitsa ndetse ndasaba Imana ko yobandanya kunzigamira umuvyeyi kuko imbere ni heza cane gusumba.”
Mwokwibuka ko uwo murimvyikazi w’umurundikazi yaheruka gusohora indirimbo n’umunya kenyakazi azwi kw’izina rya Femi one, ivya nabaviriyemwo gukorana i giteramo i Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764