East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Ubu naho havyutse ikibazo ku myaka Diamond asumvya Tanasha

Mushiki wa Diamond Platnumz ntabona ikibazo gihari kuba musazawe agiye kurongora umukobwa afise imyaka mike kuriwe.

Imyaka iri hagati ya Diamond na Tanasha nayo izanye agatosi mu bantu, uwo mwigeme ngo yoba ari muto cane kuri Diamond Platnumz.

Mushiki wa Diamond Platnumz, Esma Platnumz aganira na Wasafi Tv bashatse kumenya ico we yibaza kuri urwo rukundo, yavuze ko ata kibazo abibonamwo, kuko ngo iyo hageze ivy’Urukundo, nta gukekeranya, ivy’imyaka ntibisubira ugira agaciro.

Ico kibazo c’imyaka kikaba gisubiriye kuboneka kuri Tanasha na Diamond, mu gihe no kuri Zari na Diamond naho nyene vyigeze kuvurwa, aho Diamond yasumbwa imyaka 10 n’uwo muvyeyi w’abana biwe.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Treding in Kenya akaba avuga ko uwo mwigeme asanzwe afise ubwenegihugu bwa kenya n’ubw’ubu Taliyano, ngo afise imyaka 23 y’amavuko, mu gihe Diamond Platnumz nawe uno mwaka yakwije imyaka 30 y’amavuko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556