BurundiBusinesshomepagekirundiyouth

Ng’ibi ibisabwa kugira ngo wuguruze konte muri banki y’urwaruka BIJE

Inyuma y’aho ibanki ishigikira imigambi y’urwaruka BIJE itanguriye icese imirimo yayo i Gitega ku murwa mukuru wa poritike, hari bamwe n’abandi bakeneye kumenya ibisabwa (dossier) mu kwuguruza ikonte gutyo bashobore kuronka uturusho dutandukanye dutangwa n’iyo banki.

Iruhande y’amafaranga yo kwuguruza konte angana n’ibihumbi icumi vy’amafaranga y’amarundi ku muntu asanzwe canke kuri koperative y’urwaruka, hamwe n’ibihumbi mirongo itanu kuri koperative canke ishirahamwe ry’abakuze, ibindi bisabwa ni ibi bikurikira:

  1. Ku bantu basanzwe (personnes physiques) :

-Ikopi ya karangamuntu

-ikipi ya pasiporo itarata igihe

-Uruhushwa rwo gutwara ingendeshwa rwo ku buhinga bwa none rusomeka

-Agafoto pasiporo kamwe

  1. Ku bantu bari mu mashirahamwe canke amakoperarive:

-Ama statuts y’ishirahamwe canke koperative

-Inomero ndangamutangakori

-Ikete ryo gusaba kwuguruza konte

-fotokopi ya karangamuntu y’umunywanyi wese

  1. Ku bantu bafatwa nk’amashirahamwe nabo hakenerwa:

-Ikarata ndangamuntu hamwe na kopi yayo

-Inomero ndangamutangakori

-Pasiporo

-Uruhusha rwo gutwara ingendeshwa hamwe n’agafoto pasiporo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764