BurundikirundiUrwevu

Urwevu: Ukozokumva umuntu akuyagira abandi nabi, uramwigirwa kure!

isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uburyo bunyuranye bw’ugusenyura inzitizi zinyuranye.

Biraheza mbere bikatworohera cane kuko bica bitubera nk’ukwisiga inkore ku jisho. Mu ntumbero y’ukwanka gukomakoma uruhojojo rw’ivyatugoye , vyadutaye kuw’amazi,tugenda dukenyereyeko, turaheza rero bikatubera ivyoroshe kwihutira gucira imanza abo twita ko vyaburiye kukubera bobo bataba bagifise amahirwe y’ukuba bakibinyereyeko( Amazi yararenze inkombe).

Ugasanga rero abantu bakoranye bariko baca hirya no hino, bano na bariya babatora utunenge kuri bino canke biriya.  A bandi nabo,  ha mbavu,  bakaza baritabira canke bazungangiza imitwe nk’ibihuraguzi, mu ntumbero y’ukwerekana ko babashigikiye, turetse ko hari n’abongerako, bagaseka ( Kari bugunguza)  nk’uko rero womengo n’abo baratwenze.

Ababakwirikira, bakanaseka, baseka nk’ibintazi kuko, mu kiringo babavuye impande, kenshi baraheza bagacika kandi ikiyago ku bandi baje kubasubirira mu kwumviriza abo bangushi . Nta bugenzi bw’inkozi y’ikibi, nta “mpera y’umurozi”.

Ivyo rero biri uko kubera ko hari abantu muri kameremere yabo barondera gufuka ubusa buri mitima yabo bakoresheje  ukwambura agahuzu abandi bantu. Nibo b’abo nyene usanga kenshi bafise isanamu zibiri : bahezagirisha iminwa bariko baravumira mu mitima, aho n’ugutwenga kwabo ari nk’ugushinyiriza n’aho weho udaheza ngo ubice n’ikanda.

Ugasanga hari umugenzi wawe uzi ameze gutyo uramusengera ukoresheje Psaume 28 kugira ahinduke, akire.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 502