BurundiBuja FilmsEntertainmenthomepagekirundi

Na Yezu niyagaruka ngo azokina mw’ireresi A nous la Maison ibonekamwo Alvin Smith na Laly Gomez

 

Uko imisi ihera niko amareresi hano iwacu abandanya arwira, na cane cane amareresi matomato, kandi amareresi agwiriyemwo ayarimwo ibintu vy’ugutwenza gusa. Iya nyuma iheruka kuboneka n’iyahawe akazi k’igifaransa, A nous la Maison.

Muri iryo reresi habokamwo abakinyi baharuye kun toke, hakaba habonekamwo Alvin Smith, Gomez na Jesus bakaba bavukana[mw’ireresi], nayo Jean Marie akaba ar’umukozi wabo. Muriryo bakaba bakina baboneka basigiye inzu n’abavyeyi kuko batari hagufi.

Iryo reresi rimaze gushirirwa ahabona uduce [Episodes] 2 gusa, ariko ngo zizobandanya gushika Yezu agarutse. Ukwo niko Laly Gomez yishuye aho yaganira n’abakunzi biwe ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Nayo ku bari bafise ibibazo kubera zisanzwe zimara umwanya muto, uwo mukinyi yavuze ko bipfuza ko zizomara iminota itarenga 15, bivanye n’uko zizoba zanditse.

Mwomenya ko iryo reresi ribarizwa ku rubuga rwa Youtube rwa Laly Gomez, nayo utwo duce [Episodes] 2 zimaze gusohoka, tukaba tumaze kurabwa incuro 20, 000 ku ka mbere, hamwe n’incuro 9500 ku kakabiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775