Burundihomepagekirundisecurity

Abagizi ba nabi 3 berekanwe n’igiporisi c’Uburundi

Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2021, abagizi ba nabi bafadikanije n’umugore wa nyakwigendera kubwicanyi bwabaye mwijoro ryo kuwa 24 rishira uwa 25 Munyonyo umwaka uheze muri Karitiye ya Gasekebuye, Zone Musaga, komine Muha mu gisagara ca Bujumbura.

Kaneza Christa yerekanwe n’igiporisi inyuma y’amatohoza vyabonetse ko yafadikanije na Niyongabo Emmanuel, Ndibanje Jean Paul hamwe na Minani André we akironderwa.

Nk’uko vyashikirijwe na Petero Nkurikiye avugira Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano, Umupfasoni Kaneza ari mubagandaguye umugabo wiwe abifashijejwe nabo twadondaguye aho hejuru.

Petero Nkurikiye amenyeshaka ko bitari vyoroshe gukora amatohoza ndetse ahamagarira abo bose bubakanye ko batoza barifatira ingingo, mugihe badafise ivyo batumvikanako ko yamara boza baritura ubutungane kugira ngo babatunganirize.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764