BurundiBusinessEconomyhomepagekirundi

Ibanki BRB iragabisha abantu bakora urudandazwa rwa magendo bita «Ikirimba »

Ibanki ya repubirika y’Uburundi BRB iragabisha abantu bakora urudandazwa rwa magendo rw’imitahe y’abantu bashinze ishirahamwe rikora nk’ikirimba. Ayo mashirahamwe yemerera abanywanyi inyungu y’umurengera mu mwanya muto ariko bazanye abandi banywanyi. Abadakwije abanywanyi basabwa kwinjiza, imitahe yabo irahahombera.

Umuyobozi ajejwe kugenzura amashirahamwe agira urudandazwa rw’amafaranga mw’ibanki BRB yabishikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 20 Nzero 2021.

Prosper Ngendanganya yasiguye ko abinjiye ubwa mbere aribo bahakirira kubera imitahe y’abanywanyi bashasha babihurumbira bizeye ko bagiye kuronka amafaranga menshi.

Uwo muyobozi yamenyesheje ko urwo rudandazwa rutemewe n’amategeko kandi ko abarukora bazohanwa hisunzwe amategeko. Ku bakoresha imihora y’amaterefone mu kwiba abanyagihugu, Prosper Ngendanganya amenyesha ko amaze kuvugana n’ayo mashirahamwe ko yokurikiranira hafi abakoresha imihora yabo mu kwiba abanyagihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766