BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Inyuma y’ubugeni bwa Kigingi ngo n’ukwerekeza muri Canada

 

Umukunzi wa Kigingi yabajijwe ibibazo bitari bike ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Muri ivyo bibazo, hagumye hagarukamwo ikibazo c’urukundo rwiwe na Mugenzi Aubin benshi bazi nka Kigingi.

Abatari bake bamubajije ikibanza bazobamwo igihe bazoba barushinze, igihe ubugeni bwabo buzoba, nimba akiri mu rukundo n’uwo mukinyi w’amareresi asanzwe atwenza, ariko kandi yigisha.

Uwo mwigeme asanzwe aba mu gihugu kibanyi c’Urwanda, yishuye abamubajije igihe azokorera Ubugeni ko azokora ubugeni igihe nicagera. Mu kubishura akaba yifashishije umurongo wa Bibiliya wari wanditse mu rurimi rw’icongereza.

ku rupapuro rwakoreshejwe bikaba vyari vyanditse ko uwo murongo uboneka muri Yesaya 60:22, mu congereza hakaba hari handitse ngo : “When The time is Right  I, theLord, Will make it Happen.”.

Nayo ku bamubajije ikibanza azobamwo, yashimye kubabwira ko kwifuza birekuwe mu buzima, ngo yipfuza ko bazoba muri Canada. Aho ni mu gihe bamwe bashima ko boba mu Rwanda igihe boba bamaze kwemeranya kubana. Ubwo na Kigingi nuko abibona? Ntawubizi kuko ataho arabasha kubishikiriza.

Yagize ati :“Kelly oya sha tuzokwibera Canada, kwifuza biremewe”

Mwomenya ko Kigingi na Marina umukunzi wiwe bamaranye igihe kitari gito, hakaba hari n’utu Video dutandukanye twigeze gusohoka tubonekamwo bose uko ari 2. Kigingi akaba yasa n’uwumukinisha muri utwo turere, ariko umukunzi wiwe akaba yasa nkaho atabitegujwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775