Entertainmenthomepagekirundi

Masterland ngo ariko aravyitondera maze imburakimazi zizomaramare nivyamenyekana

Kubw’umuririmvyi Masterland ngo siwe wenyene bishikira ariko ngo ariko arabirabira hafi ivyuko indirimbo ziwe zitaduga ama views akaba abivuze yidoga inyuma y’abandi batari bake kubona indirimbo yaheruka gusohoka itariko iraduga cane nk’uko avyipfuza.

Aciye ku mbuga nka zose akoresha aratera ivyatsi inkozi z’ikibi zibazingamikira akazi kabo ka misi yose, aho agira ati:”Inyuma yo gucumukura dukora ibikorwa vyiza ngo dushimishe abakunzi bacu, hari ababizibira kuri YouTube bakoresheje ama virtual robots zongeza canke zikagabanya les vues mu buryo butemewe na terms za YouTube , YouTube ikaba yatumenyesheje uyu musi ko bituma ama chaines yacu aca aba suspected na Algorithm yayo gurtyo bigacinyiza contents zacu ntiziboneke, zaboneka naho ama vues ntiyiyandike nk’uko benshi mubizi . Ivyo bikaba vyari bimaze umwaka biba tutarabitahura. Turiko turabikurikiranira hafi tubitorere inyishu.”

Mwomenya ko yarangije asaba ko abakunzi b’ibikorwa vyiwe bobandanya bihangana mukuguma bashigikira indirimbo aherutse gusohora yise Leila ngo uko biri  kwose ni indirimbo nziza ikeneye gushigikirwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769