BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith  ati : “Umwana [Nirna] Ndamwihaye”  

Alvin Smith ahejeje gusaba umukunzi wiwe Nirna kumwemerera ngo bazobane ubuzima bwabo bwose, ivyo bikaba bibaye mw’ijoro ryo kuri uyu musi wa mungu nkuko amashusho yabonetse avyerekana.

Ku rubuga rwiwe rwa Instagram Alvin yashizeko amashusho aho abone afukamye agomba yambike impeta umukunzi wiwe. Vyabonetse ko bamwe mu bari muri ico kibanza bari bazi ibigira bibe, ariko Nirna na bamwe mu bari bitabiriye ivyo birori batari bazi ibigira bibe.

Alvin akaba ashikanye ivyo yaragize imisi ashikiriza kandi bari baganiriye n’umukunzi wiwe ko azomutwara.  Nirna akaba yaramaze kuja kumwerekana iwacbo, n’amashusho amwe amwe bashize ku rubuga rwa Instagram yavyerekanye

Ariko hakaba hataramenyekana igihe nyezina ubugeni buzobera, ubona ko Nirna yarasanzwe aba mu gihugu ca Canada, nayo Alvin asanzwe yisumamwo I Bujumbura.

Mwomenya ko yaba Alvin yaba umukunzi wiwe Nirna bemeranije kuzobana, bose bivurwa ko bari basanzwe bafise abana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775