BurundiDevelopmenthomepagekirundi

#Burundi| Aragabisha abakomiseri b’amasoko n’abarongoye amazone

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umuteka aragabisha bamwe mu barongoye amazone n’abakomiseri b’amasoko yo mu gisagara  ca Bujumbura kubera ko ngo babaye inzitizi mw’itozwa ry’amatagisi y’amakomine.

Mu nama yagirishije abegwa n’ico gisata kuri uyu wa mbere, umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yamenyesheje ko mu ndwi imwe mu gisagara ca Bujumbura hatojwe imiliyoni 121 zirenga kuyarasanzwe atozwa. Muri iyo nama nyene, hafashwe ingingo y’uko abahora batoza amatagisi ya komine mu gisagara ca Bujumbura bose bahagaritswe kuva kuri uyu wa mbere.

Amenyesha kandi ko hari amasoko atozwamwo amatagisi ariko ntashike mu bigega vya Mairie kandi ko hari abatera ubwoba abakozi bariko barangura ico gikorwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768