Burundihomepagekirundi

Ivyashikiye umuhisi Karim Babel yoba ariyo mbarutso y’ishingwa rya Fondation ya Boris Mucowintore?

Ubwo ibiheruka kuba ku muhisi Karim Babel vyoba arivyo bitumye akagozi gacika noneho hagakenerwa ko igikorwa kijanye n’ugufasha abagwaye gifata umurongo mwiza? Ico n’ikibazo wokwibaza inyuma y’ukuraba ikiyago Boris Mucowintore aheruka kugirana na mugenziwe Joelle ku rubuga rwa Instagram.

Ibikorwa bijanye n’ugufasha abantu bagwaye ngo baje kwivuza mu mahanga ngo birimwo akajagari kenshi cane, ivyo ni ibibonwa n’abatari bake, bikaba binabagora vyukuri kumenya uko bigenda mu kwivuza, nimba uburyo bwasabwe aribwo bwakoreshejwe, nimba yagiye, nimba yarakize, nimba hari ikindi bomufasha, n’ibindi vyinshi.

Hari n’abafasha baheza bakadebukirwa ntibasubire kugira ico bafasha kuko badaheza ngo bamenye ivyakurikiye inyuma y’ugutanga amafaranga. Ico nico umwe mu basore b’abarundi baba mu gihugu Canada yashimye gutorera umuti mu kuzoshinga Fondation izoba ije kugira ibere ikiraro abafasha n’abafashwa.

Muri ico kiyago Boris yagiranye n’ico ncuti yiwe Joelle kuri Instagram Live, yamenyesheje ko bipfuza ko abazotanga amafaranga yo gufasha bazoheza nabo bagahabwa icegeranyo c’uko amafaranga batanze yakoreshejwe, banamenye n’abo bafashije uburyo bariko baragenda bamera neza.

Boris yavuze ko iyo Fondation bashaka gushing itazotanga amafaranga yose uwo muntu yoba akeneye, ahubwo ngo bazoraba ibisata bimwe bimwe bazoza bafashamwo kugira bikunde bafashe benshi bashoboka. Ikindi yashikirije nuko bipfuza kudatanga amafaranga mu ntoke, ahubwo ngo bashima kuzokwirihira bo nyene, kugira bamenye neza ko ubwo buryo bwakoreshejwe na cane cane  baze baronke ivyo bazereka ababahaye ubwo buryo.

Iyo Fondation kandi nkuko Boris yabandanije abishikiriza ngo ntibazogira kuvyo umuvyeyi canke uwasavye ubufasha ashaka, ahubwo ngo bazogira kuco abaganga bavuga, na cane cane uwabo kuko bazoba bifitiye umuganga wabo bazoshira impapuro zatanzwe n’umuryango kugira bikunde ababwire ico gukora.  Ivyo ngo babifashe uko kubera basanze hari abashobora kwipfuza ibihugu vya kure kandi hafi yiwe bashobora kumuvura kandi agakira neza.

Iyo Fondation itarabasha kumenyekana izina ryayo, avuga ko ishobora kutazokwandikwa I Burundi , ahubwo ikandikwa muri Canada kubera basanze ibisabwa kugira babashe kwandikwa I Bujumbura biremereye nk’amabuye.

Boris muri ico kiyago kandi yamenyesheje ko atazoba ari wenyene, akaba yashimye gufatanya na bamwe mu bakize basabiwe ubufasha biciye muri iyo nzira nyene, barimwo Yousla. Boris kandi akaba avuga ko atazosubira kwitaba urugamba rwo guterereza amafaranga mu gihe ico gikorwa kitazoba kiriko gikorwa n’iyo Fondation azoba arimwo.

Mwokwibuka ko umuhisi Karim Babel yari afise ikibazo c’amafyigo aheruka kwitaba Imana mu gihe yari yabashije kwegeranirizwa ayarenga Imiliyoni 90 z’amafaranga ya hano iwacu, kugira aje kwivuza mu gihugu ca Kenya, ariko bikaza guhinduka bamenyesheje ko bipfuza kumutwara ku mugabane wa buraya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764