BurundiEast Africa Newshomepagekirundi

Urucanco rwa Corona Virus rwatanguye gutangwa I Kigali

Abantu bamwe bamwe ngo baramaze guterwa inkingo za Covid 19 I Kigali, ayo niyo mashasha ariko aracicikana ku mbuga ngurukanabumeyi mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru co mu gihugu kibanyi c’Urwanda abishikiriza, ngo abantu ba mbere bamaze guhabwa izo ncanco n’abasanzwe bakorera mu gisata c’ubuvuzi nk’abasanzwe bakorera ibitaro vya Roi faisal. S’abo gusa kuko ico kinyamakuru kimenyesha ko abamaze guhabwa urwo rucanco bandi bakaba ari abasanzwe bakina mu murwi nserukiragihugu c’umupira w’amaguru Amavubi.

Izo ncanco zatanzwe zikaba ari nke cane kuko hitezwe izirenga 1,000,000 zizohabwa  abashika 500,000 kuko bategerezwa guhabwa incuro 2 kugira urwo rukingo rubashe gukora neza. Izo nkingo zitezwe zikaba ziri mu mugambi COVAX  wa Africa Union, mu ntango zikaba zizohabwa ibihugu bine gusa ku mugabane wa Africa.

Urwo rucanco ruzobanza guhabwa abantu baza imbere y’abandi mu gushobora kugwara ico kiza (Abavuzi, abapolisi, abageze mu zabukuru co kimwe n’abafise ingwara zikomeye) rukaba rutanguye gutangwa imisi mikeya imbere yuko inama y’umuryango w’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza ikoranira I Kigali mu kwezi kw’7. Iyo nama ikaba yarasivye yari kuba mu mwaka wahera wa 2021 I kiali nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764