BurundihomepageJusticekirundi

Bahamagarirwa kuzokwitura amasentare asanzwe inyuma yo kuwa 13 Ntwarante 2021

Umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB umenyesha ko kuva kuwa 13 Ntwarante 2021 utazosubira kwakira ibirego bishasha.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2021, umukuru w’umurwi CNTB Honorable Felicien Nduwuburundi yamenyesheje ko ari mu ntumbero yo gushira mu ngiro itegeko rigenga uwo mugwi ritegekanya ko ugushikiriza ibirego bishasha uwo murwi kirangira kuwa 13 Ntwarante 2021, nayo ikiringo c’uwo murwi naco rigategekanya ko kizorangira kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2022.

Naho biri uko, Honorable Felicien Nduwuburundi amenyesha ko uwo murwi aramutswa uzobandanya wumviriza amatati uzoba warakiriye imbere y’iryo genekerezo haba ku rwego rw’intara no ku rwego rw’iyungururizo, nayo abagifise amatati y’amatongo abahamagarira kuzokwitura amasentare asanzwe inyuma y’iryo genekerezo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764