BurundiCooperationhomepagekirundisociete

Abagera ku 1353 bari barahunze igihugu bakiriwe bahungutse

Kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2021, abarundi bagera ku 1353 bakiriwe bahungutse bavuye mu gihugu c’Urwanda hamwe na Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Muri abo barundi bahungutse bagizwe n’imiryango 516, abarundi 1208 bahungutse bavuye mu gihugu kibanyi c’Urwanda mu gihe 135 nabo bahungutse bavuye muri Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano bakiriye abo barundi bamenyesha ko hitezwe aho bukera abandi barundi bazohunguka bavuye mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769