BurundiDevelopmenthomepagekirundi

Ibiganiro hagati y’abakozi n’abakoresha vyahinduye ibitari bike mu kazi

Urwego rw’igihugu rujejwe ibiganiro mu kazi rwarafashije biboneka mu kugabanura ibitigiri vy’abakozi bagaragaza umubabaro mu guhagarika imirimo bajejwe (grèves), mu myaka umunani iheze urwo rwego rushizweho.

Ivyo ni ibishikirizwa na Domine Banyankimbona umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo akazi mu ruganda rudasanzwe rwatunganijwe kuru yu wa kane, igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2021, ku ndongozi zo ku rwego rwo hejuru, ku bijanye n’umushinge ngenderwako w’ibiganiro n’ingaruka ku mwidegemvyo mu kazi, ubutungane n’iterambere rirama.

Muri urwo ruganda umushikiranganji wa mbere ari nawe yuguruye ivyo bikorwa ku mugaragaro, yashimye intererano z’inani z’abakozi ko zakoze uko zishoboye kugira uguhagarika imirimo ku bakozi bafise akababakiye zigabanuke. Alain Guillaume Bunyoni, ahamagarira abitavye ibikorwa vy’urwo ruganda gutahura ko ibiganiro ari igikoresho ntasubirizwa mu gukomeza ubuzima bw’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768