Burundikirundikirundi_Sports

Handball: Brothers niyo iramutswa igikombe c’i Bujumbura

Ihiganwa rya Handball ryarabandanije rikaba risigaje ku ndwi yaryo ya nyuma, Brothers niyo yatahukanye igikombe naho ihiganwa ribandanya .

@Akeza Pic
@Akeza Pic

Uwo murwi mushasha umaze imyaka ibiri mw’ishirahamwe rya Handball i Bujumbura ntuhengeshanya gutangaza abakunzi b’urwo rukino Handball.Mu gice ca mbere Phase aller uwo murwi wari watahukanye ikibanza ca kabiri inyuma ya Rukinzo ariko mu gice ca kabiri uwo murwi watakaje urukino rumwe rwa club Intwari .

Aimé Vyibuka amenyesha ko uwo murwi wa Brothers witeguye cane agashimira abawufashe mu mugongo kugira ushike ahushitse.

Mwomenya yuko Intwari waciye nawo utahukana ikibanza ca kabiri.

Muri iryo higanwa nguku uko imirwi yatsindanye mu mpera zino ndwi :
*Éagles 35-27Ambassadeur.*

*Rukinzo 23-29 Intwari*

*Galaxy 32-40 Muzinga*

*Golden 18-39 Friends*
*Brothers 38-34 SOS*

Mwomenya ko Brothers mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa izohura na Rukinzo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 673