BurundihomepagekirundiTechnology

Mark Zukerberg wa Facebook yarakwiye guhinda umushitsi ko Dr. Ir. Peris Saxe Gateka yatanguje GASAPE (Social Media)?

Mark Zukerberg yaronse umurundi agiye guhangana nawe mu bijanye n’uguhuza abantu ku mbuga hwaniro (Social Media), uwo nawe s’uyundi ni Dr. Ir. Perry Saxe Gateka. Iyo mvukira yo mu ntara ya gitega yasohoye urubuga yise GASAPE (www.gasape.com) aho avuga ko urwo rubuga rugiye gufasha mu bintu bitandukaney birimwo no guha akazi abakiri bato bagera ku 1000 mu myaka 5 iri imbere.

Mu kiganiro yagiranye n’ibinyamakuru bitandukanye hano iwacu mu nyubakwa za Hotel Ville mu gisagara ca Bujumbura, Dr. Ir. Peris Saxe Gateka yavuze ko urwo rubuga rusa n’izindi mbuga hwaniro zitandukanye nka Facebook, ariko rukaba rufise ico rurushije izo zindi.

Muri ico kiganiro nyene, Ir. Dr. Saxe akaba avuga ko hampande y’ivyo abatari bake babona kuri Facebook, ngo hiyongereyemwo uburyo bwo kwinjiza amafaranga kuri urwo rubuga bivanye n’inkuru ushira kurirwo, canke abantu utumira kwiyandikisha no kurukoresha . Agahembo umuntu akaronka amaze kugeza amafaranga ya amerika 50 (50$), ayo akaba angana n’abantu 500 uba watumiye gukoresha urwo rubuga.

Urwo rubuga GASAPE rukaba gushika kuri ino saha rumaze guhindurwa mu ndimi 10, ariko mu misi mike ruzoba ruri mu ndimi zababa 100 kugira n’abandi bari mu bindi bihugu bitandukanye nabo babashe kurukoresha ata kibazo, nkuko uwo mutware yabandanije abishikiriza.

Muri ico kiganiro camaze ikiringo c’isaha imwe uwo mutware yarahaye akanya abamenyeshamakuru ngo bamubaze, aho hari abamubajije ko urwo rubuga rufise uburyo bwo kubikira abantu ivyo bazoba barushizeko igihe kirekire nkuko biboneka ku zindi mbuga. Dr. Ir. Saxe akaba atahigimanze  mu guhumuriza abantu ko ubwo buryo buhari kuko bafise ububiko bunini, kandi uko abantu bazobandanya biyongera, ngo niko nabo bazobandanya bagwiza uko bungana.

Ku kibazo c’iyo GASAPE izokura amafaranga yo kuriha abarukoresha kuko ariho rugitangura, Dr. Ir. Peris Saxe Gateka, avuga ko ubwo ari uburyo bwo kumenyekanisha urwo rubuga, kuko abatanguza ibikorwa bitandukanye misi yose bategekanya amafaranga yo kumenyekanisha ivyo bikorwa vyabo.

Dr. Ir. Gateka Peris Saxe hampande y’urwo rubuga rwa Gasape yashize ahabona, akaba afise n’ibindi bikorwa bitandukanye amaze gushiramwo amafaranga birimwo imboneshakure n’insamirizi Humuriza(TV&radio) bisanzwe bikorera ku mugwa mukuru wa Politique w’Uburundi, Gitega.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764