footballkirundi_Sportsprimus ligue

Telaviv itumye Umumenyereza wa Aigle Noir n’icegera ciwe bahabwa akaruhuko

 

Umugwi Telaviv wo mu cicaro ca kabiri waraye usezereye Umugwi Aigle Noir The fighters uwutsinze ibitsindo 2-1 mu rukino rw’igice ca 16 gishira icanyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu.

Ivyo bikaba vyaciye bituma uburongozi bw’umugwi Aigle Noir the Fighters bufata ingingo yoguha akaruhuko Umumenyereza mukuru ariwe Gustave hamwe n’icegera ciwe Hassan .

Ako karuhuko ni gushika mu mpera z’ukwezi kwa Rusama nk’uko vyashikirijwe n’uwashinze umugwi Aigle Noir The Fighters Nyakubahwa Reverien Ndikuriyo asanzwe anatwara n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi .

Mu majambo Nyakubahwa yanditse abicishike kurubuga ngurukana b’umenyi Faceebook yanditse ati “ STAFF YA AIGLE NOIR IRARUSHE. IRAHAWE AKARUHUKO GUSHIKA MUMPERA ZA RUSAMA. BAZOGARUKA BAJE GUTEGURA UMWAKA MUSHASHA WA 2021-2022. BAZOGUMA BARONSWA UTURUSHO TWABO : PRIME MENSUEL HAMWE NA PRIME DE MATCH.

BIRABA UMUMENYEREZA N’ICEGERA CIWE.
UMWE MUBAMENYEREZA B’UMURWI MUTOYA NIWE AZOCA ABANDANYA VY’IMFATAKIBAZA GUHAGARARIRA UMURWI.

UMUNYAMABANGA MUKURU WA AIGLE NOIR ASABWE KUBAHIRIZA IYI NGINGO.

Mwokwibuka y’uko na Joslin Bipfubusa yigeze guhabwa akaruhuko muri uwo mugwi bamubwira y’uko azogaruka murindi higanwa rikurikira ariko vyarangiye atakigarutse muri uwo mugwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315