Burundihomepagekirundisecuritysociete

Abarundi barenga ibihumbi 17 nibo bamaze guhunguka

Abarundi barenga ibihumbi icumi n’indwi nibo bamaze gutahukanwa kuva uyu mwaka utangura gushika kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Ntwarante 2021.

Ivyo bitigiri bitangwa n’umuyobozi mukuru ajejwe gutahukana impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano.

Nestor Bimenyimana avuga ko benshi muri abo bavuye mu bihugu vy’Urwanda na Tanzaniya. Yemeza ko uwo muce w’abarudi batekanye mu kibano bashikiyemwo n’aho hatabuze utunenge. Amenyesha kandi ko ashimishwa n’umurindi w’abataha agatera akamo n’abandi guhunguka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765