Burundihomepagekirundisociete

CVR : “Ivyo mukora ni ibiki? Muriko murazura akaboze?”

“Ivyo mukora ni ibiki? Muriko murazura akaboze?

Ayo ni amwe mu majambo abakozi b’umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR babwirwa mu gihe bariko barazura ibisigarira vy’abantu bagandaguwe mu mwaka w’1972 mu ntara ya Bururi.

Bishikirizwa na Ambassadeur Pierre Claver Ndayicariye mu gihe yariko arashikiriza kuri uno wa gatanu aho igikorwa kigeze co kuzura ibisigarira vy’abantu bagandaguwe bagahambwa mu kivunga mu makomine ya Matana, Mugamba, Bururi, Rutovu, Vyanda na Songa, inyuma y’amayinga 4 aheze bakorera muri ayo makomine.

Pierre Claver Ndayicariye amenyesha ko mu binogo rusangi 11 gusa basanzemwo ibisigarira vy’abishwe 1455 kumwe n’ibintu bimwe bimwe abo bishwe bari bafise nk’ibiceri vy’amafaranga, ingodomoni, amakaramu, amasaha, imisipi, ibirato, impeta imigufu, impuzu, n’ibindi.

Mu binogo bimwe bimwe vyo ku Muzenga ngo basanze amabuye manini atari make bataye ku bantu bahamvyeyo bakibaza ko yoba yari ayo guhohosha abari bamaze gutabwa muri ivyo binogo.

Ambassadeur Ndayicariye amenyesha ko mu ndwi iza bagiye kubandanya ico gikorwa mu makome asigaye yo muri iyo ntara ya Bururi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765