Developmenthomepagekirundiyouth

Umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye ahamagarira urwaruka guhindura ingendo

Umukuru w’igihugu ahamagarira urwaruka kurwanya ubukene mu kwijukira ibikorwa vy’iterambere kuko ngo ata munyamahanga azoza kutwubakira igihugu cacu.

Évariste Ndayishimiye agira ati : “Dukwiye kuja ku rugamba rwo kurwanya ubukene kuko abasangiye ubusa bitana ibisambo. Umuntu wese abwirizwa gukora ico ashoboye”.

Arongera akibutsa Urwaruka ko rukwiye kumenya ko rutiga kugira Reta ize ibahe akazi ariko Reta ibigisha kugira bamenye ubuhinga buzovyara akazi. Yasavye kandi urwaruka kuzirikana ko ata n’umwe abuze ico ashoboye aca anarusaba kubanguka.

Umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye yabwiye urwo rwaruka ko umutahe wa mbere ari amahoro n’intwaro ibereye, anabamenyesha kandi ko igihugu kidatezwa imbere na Reta ariko gitezwa imbere na beneco.

Aho hari mw’ikoraniro kaminuza rw’urwaruka rigira gatanu ririko ribera i Gitega ku murwa mukuru wa poritike.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761