Burundihomepagekirundi

Umushikiranganji wa mbere CPG Alain Guillaume Bunyoni yashikirije ivyaranguwe na Reta mu mezi 6 aheze

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2021, Umushikiranganji wa mbere CPG Alain Guillaume Bunyoni yashikirije imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka icegeranyo c’ivyaranguwe na Reta y’Uburundi mu bushikiranganji bwose uko ari icumi na butanu mu kiringo kingana n’amezi atandatu mu mwaka w’2020 ushira uw’2021.

Imbere y’uko ashikiriza aho ibikorwa bigeze mu bushikiranganji bumwe bumwe, umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yabanje gushikiriza ivyaranguwe bigenga ubushikiranganji bwose mu ntwaro ibereye, actions de bonne gouvernance, nko mu gisata kijejwe ibiganiro hagati y’abakozi n’abakoresha aho ngo hakozwe ingendo zitari nke mu ntumbero yo kwongereza ivyo biganiro, gushira mu ngiro umugambi wa Reta EWE BURUNDI URAMBAYE, ukurwanya ibiturire no kugabanya iteba ry’iyigwa ry’amadosiye atandukanye.

Umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yabandanije ashikiriza ivyaranguwe ahereye ku bushikiranganji bw’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano akurikiza, ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba, ubushikiranganji bw’ubutungane, ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, ubushikiranganji bw’indero, ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida, ubusikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, ubshikiranganji bw’inyubako, ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, ubushikiranganji bw’amazi, ubutare n’agataka, ubushikiranganji bw’ubudandaji, ubushikiranganji bw’iyinjira ry’Uburundi mu muryango EAC, ubushikiranganji bwo gufatana mu nda hamwe n’ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru.

Muri rusangi, ivyaranguwe muri aya mezi atandatu aheze, ngo vyaranguwe kugera ku bice 50 kw’ijana umushikiranganji wa mbere akizeza abarundi ko mu yandi mezi atandatu asigaye Reta izoba yaranguye ivyo bindi bice 50 kw’ijana bisigaye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764